Uko wahagera

Nijeriya: Indege ya Gisirikare Yishe Abantu Mirongo Itanu


Ikambi ry'impunzi rya Rann, muri Nijeriya, ryahitanywe n'indege ya gisirikare
Ikambi ry'impunzi rya Rann, muri Nijeriya, ryahitanywe n'indege ya gisirikare

Muri Nijeriya indege ya gisirikare yishe abanyagihugu bashika kuri mirongo itanu, mu gihe yarigamije gukora igitero ku bagwanyi ba Boko Haram, ibisasu vyayo bikaba vyahavuye bitumbera ahari impunzi, kur’uyu wa kabiri.

Prezida Muhammadu Buhari wa Nijeriya yatangarije k’urubuga gwiwe gwa Twitter ko ababajwe n’ico gitero cakoze ku banyagihugu bo mu gisagara ca Rann, muri Reta ya Borno. Prezida Buhari amenyesha ko abacitse kw’icumu bazoshumbushwa.

Ishirahamwe ry’Abaganga Batagira Imbibe, MSF mu mpfunyapfunyo, rimenyesha ko ico gitero cahitanye abantu bashika kuri mirongo itanu na babiri, nayo abashika kw’ijana na mirongo ibiri bakaba bakomeretse. Umuryango Mpuzamakungu wa Croix Rouge watangaje ko nawo wabuze abantu batandatu mu banywanyi bawo.

Ico gitero kibaye mu gihe igisirikare ca Nijeriya cari catangaje mu minsi iheze ko gisa n’icigaruriye akarere ka Borno, gacumbitswemwo n’abagwanyi ba Boko Haram. Imyaka umunani iraheze ako karere karangwamwo intambara yahitanye abantu bashika ku bihumbi amajana abiri, n’abaharugwa mu miliyoni zibiri bataye izabo.

XS
SM
MD
LG