Uko wahagera

Arusha: Manda ya Gatatu mu Burundi Iracyari Inzitizi


Leonce Ngendakumana na Frederic Bamvuginyumvira
Leonce Ngendakumana na Frederic Bamvuginyumvira

Ikibazo catwaye umwanya munini hagati y’umuhuza n’abatavugarumwe na reta, baba abavuye mu Burundi canke abahunze igihugu n’ikibazo cerekeye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Abavuye hanze nka Frederic Bamvuginyumvira atwara umugambwe Sahwanya Frodebu ati niwo muzi w’ingorane zose. Avuga cane cane cane umutekano muke, ubwicanyi, ingorane z’ubutunzi, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ibindi.

Abandi bati ico kibazo c’ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu caraheze. Jacques Bigirimana atwara umugambwe FNL, yitavye avuye mu Burundi amenyesha ko ubu hageze kwitegurira amatora y’umwaka w’2020 no gushiraho icuka ciza ca politike.

Icegera ca Bamvuginyumvira nawe Leonce nNgendakumana arafise akarorero yahaye umuhuza kerekana ivy ‘ikiringo ca gatatu bitarahera. Kuriwe, ko mu Burundi hari abaserukira ibihugu vyabo ntibisigura ko ubutegetsi bwemewe n’amateko kuko n’intwaro zaba zavuye mw’itembagazwa ry’ubutegetsi, amakungu yazemera akarungika abaserukira ibihugu vyabo.

Nyangoma Leonard atwara umugambwe CNDD yahunze Uburundi yatumye umuhuza ko yogondoza reta ikemera kwicarana n’abegwa n’amatati bose.

Ikindi kibazo cashikirijwe umuhuza na Bamvuginyumvira n’amakenga y’ihonyabwoko. Avuga ko ibimenyetso bikwiye bimaze kugaragara, agasaba umuhuza kubwira abakuru b’ibihugu vy’akarere kugira ibara niryarwa ntibazovuge ngo ntibabimenye.

Ibindi bibazo vyashikirijwe nivyerekeye imigenderanire y’u Burundi namakungu cane cane hagati y’u Burundi n’u Rwanda hamwe n’u Bubiligi.

Umubonano w’umunsi umwe warangiye bose bashima hama kuruhande rw’umuhuza hamwe n’abo batavugarumwe na reta. Bumvikanye kurutonde rw’ingingo 8 zirimwo ivyo bibazo vyose. Nirwo ruzoba nk’ifatiro mu biganiro nyezina bumvukanye ko atagihindutse vyoba hagati mukwezi kwa kabiri kuza.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Arusha muri Tanzaniya Pierre Claver Niyonkuru ni we utugezaho iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG