Uko wahagera

Leta y'Uburundi Izatahura Abasilikari bari muri Somaliya


Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, “Agence France Presse”, rimenyesha ko Reta y’Uburundi uno ku musi ku wa mbere yatanguye umugambi w’ugukura abasirikare bayo muri nteko z’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, AMISOM, bivuye ku matati hagati ya Reta y’Uburundi n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku mishahara b’Abarundi bari muri AMISOM.

Imishahara y’inteko za AMISOM irihwa n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Yamara ayo mafaranga ntaraboneka mu kiringo c’amezi atari make i Bujumbura ku nteko z’Abarundi ziri muri AMISOM.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ntushaka gucisha ayo mafranga mu ma konte ya reta yafatiye ibihano kubera ibibazo vya politike bimaze hafi y’imyaka ibiri mu gihugu.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ushaka kuriha iyo mishahara uyicishije ku ma konte y’abasirikare ubwabo.

Kubera ata masezerano arashikwako, perezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza yategetse umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi gutangura umugambi w’ugukura muri Somaliya abasirikare b’Abarundi ibihumbi bitanu n’amajana ane.

Abo basirikare bagera kuri hafi y’ica kane c’abasirikare bagize inteko za AMISOM. Icegera ca mbere c’cumukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, avuga ko bafashe ingingo y’ugutangura ivyerekeye gukura abasirikare b’Abarundi muri AMISOM, nkuko bari bamaze igihe baremeye kubikora.

Amenyesha kw’abasirikare b’Abarundi bari muri AMISOM, badashobora kubandanya gukora akazi kabo bataronswa imishahara yaho.

XS
SM
MD
LG