Uko wahagera

Barrow Ari muri Senegal Gushika k'Umusi Azokwimikwa


Adama Barrow aheruka gutsindira amatora muri Gambiya, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Banjul, Gambiya
Adama Barrow aheruka gutsindira amatora muri Gambiya, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Banjul, Gambiya

Umuvugizi wa Adama Barrow aheruka gutahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Gambiya yaremeje ko ibirori vyo kwimika Adama Barrow bizoba nkuko bitegekanijwe.

Mai Fatty yatangaje kur’uyu w’Imana ko Barrow azokwimikwa kw’italiki ya 19 z’ukwezi kwa mbere n’aho perezida Yahya Jammeh yanse kuva k’ubutegetsi.

Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko ubutegetsi bwa Jammeh burangirana n’italiki ya 19 kandi ko ari naho ikiringo ca Adama Barrow kizoca gitangurira.

Mwomenya ko Barrow ari muri Senegal kuva kur’uyu w’Imana, inyuma y’aho abategetsi b’ibihugu bihurikiye m’umuryango w’ibihugu vy’Afrika y’uburengero, CEDEAO bananiriwe kudongoza Jammeh kuva k’ubutegetsi.

Ivyo vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru APS ryo muri Senegal.

Ntibiramenyekana icatumye aja muri Senegal, ariko har’amakuru avuga ko yoba yabonye ko umutekano wiwe ushobora kubangamirwa.

Ikinyamakuru APS gitangaza kandi ko perezida wa Senegal yumviye akamo yatewe na mugenzi we Ellen Johnson Sirleaf wa Liberiya, ariwe nawe arongoye CEDEAO ko guha indaro Adama Barrow gushika k’umusi wo kwimikwa kwiwe.

XS
SM
MD
LG