Uko wahagera

Abarwanyi 200 ba M23 Barinjiye muri Kongo Bavuye muri Uganda


Abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo batangaje kur’uyu w’Imana ko hari abarwanyi bashika 200 b’umuhari M23 binjiye k’ubutaka bwa Kongo bavuye mu gihugu ca Uganda.

Lambert Mende, umuvugizi wa reta ya Kongo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ko abo barwanyi binjiriye mugace ka Ishasha, ku birometero 155 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Goma.

Lambert Mende avuga ko ababazwa n'ukubona igihugu kibanyi ca Uganda cararetse abantu bari mu makambi y’impunzi bakinjira k’ubutaka bwa Kongo bitwaje ibirwanisho.

Yongeyeko kandi ko abasirikare ba Kongo batanguye gutana mu mitwe nabo kuko reta yiwe itazokwihanganira abitwaje ibirwanisho binjira k’ubutaka bwa Kongo batabifitiye uburenganzira.

Umuhari M23 niwo muhari wa nyuma w’abarwanya reta ya Kongo urwiriyemwo abatutsi bafashwe mu mugongo n’amareta y’u Rwanda na Uganda mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

M23 waneshejwe na reta ya Kongo ifashijwe n’inteko za MONUSCO m’ukwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2013, inyuma y’intambara yamaze amezi 18 mu ntara ya Kivu y’Uburaruko iri mu buseruko bwa Kongo.

M’ukwezi kwa cumi na kabiri, 2013 umuhari M23 na reta ya Kongo barasinyiraniye amasezerano yemerera abarwanyi bipfuza gutaha muri Kongo bagasubizwa mu buzima busanzwe.

Reta ya Kongo itangaza ko kuva ico gihe abashika 193 ku 1500 aribo bahungutse bava muri Uganda mugihe 13 gusa aribo bahungutse bava m’u Rwanda k’ubushake bwabo.

Aya makuru tuyakesha servise y’Igifaransa y’Ijwi ry’Amerika.

XS
SM
MD
LG