Uko wahagera

Abantu Batatu Bishwe Barashwe mu Burundi


Abantu batandatu bahagaritswe n’umukomiseri w’igipolisi mu ntara ya Bujumbura kur’uno w’imana ku mvo z’amatohoza kur’urwo rupfu rw’abantu batatu.
Abantu batandatu bahagaritswe n’umukomiseri w’igipolisi mu ntara ya Bujumbura kur’uno w’imana ku mvo z’amatohoza kur’urwo rupfu rw’abantu batatu.

Ibigwanisho biri mu minwe y’abatabifitiye uburenganzira bibandanya kwiha inkumbi muri komine Kanyosha y’intara ya Bujumbura.

Abagabo babiri n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 barishwe barashwe n’abantu batamenyekanye ku mugoroba wo kur’uyu wa gatandatu ; ubwicanyi bwabereye ku mutumba wa kavumu muri zone Muyira ya komine Kanyosha.

Igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga iminota mikeyi niho abagabo babiri Vincent Nshimirimana, Serge Mpawenimana hamwe n’umwana w’umuhungu w’imyaka 10 Oscar Nsengiyumva baraswa urudavagi rw’amasasu n’abantu babategereye mu mayira abiri ari ku Mutumba wa Kavumu ahitwa Jimbi.

Mu miryango itatu iturukamwo abatswe ubuzima mw’ijoro ry’uyu wa gatandatu, bibaza ico ababo baraye bazize.

Uwahora ari umukenyezi wa Nshimirimana n’intuntu nyinshi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atabona ingene agiye kubaho n’ikibondo uwo bahora bubakanye amusigiye.

Na se w’umuhisi avuga ko nawe nyene yakubiswe n’inkuba yumvise ko umuhungu wiwe yishwe. Emmanuel Nyandwi avuga ko bari bamaze igihe ku mutumba w’akavumu hari agahengwe agasaba abajejwe umutekano kubakingira.

Abanya kavumu basaba ko gukura ibigwanisho mu minwe y’ababitunze batabifitiye uburenganzira vyobandanya, kuko vyibonekeza ko bikiriho kandi ari vyinshi.

Umukuru wa Zone Muyira avuga ko amatohoza aza yatanguye kur’ubwo bwicanyi agasaba abo arongoye kuguma barikanuye, bakadoma urutoke kur’ico cose babonye gifise intumbero yo guhungabanya umutekano.

Abantu batandatu bahagaritswe n’umukomiseri w’igipolisi mu ntara ya Bujumbura kur’uno w’imana ku mvo z’amatohoza kur’urwo rupfu rw’abantu batatu.

Imiryango yabo ikavuga ko boba bahagaritswe kubera ari abayoboke ba Agathon Rwasa.

Ijwi ry’Amerika ryarondeye umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi kugira agire ico abivuzeko riramukena.

Babaye abantu batanu bishwe barashwe muri komine ya Kanyosha y’intara ya Bujumbura kuva uno mwaka wa 2017 utanguye. Babiri biciwe muri zone Kiyenzi ku mutumba Musugi mw’ijoro ry’igenekerezo rya mbere kuno kwezi kwa mbere nyene turimwo.

XS
SM
MD
LG