Uko wahagera

Kayanza: Bafungiwe Coltan Bajyanaga mu Rwanda


Ihinguriro ry'ubutare bw'agaciro mu Burundi
Ihinguriro ry'ubutare bw'agaciro mu Burundi

Mu Burundi, sentare nkuru mu ntara ya Kayanza, ejo kuwa gatanu yaciriye umunyororo w’imyaka cumi n’itanu Abanyarwanda babiri bafatanywe coltan. Abandi bantu icyenda bahamwe n'ibyaha baciriwe umunyororo w’imyaka indwi n’amezi atandatu.

Mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane rishira iryo kuwa gatanu, abantu bashika kuri cumi n'umwe barafashwe n’abajejwe umutekano, m’uburaruko bw’Uburundi. Abo bafashwe bagizwe n’abanyarwanda cumi n’umurundi umwe.

Umuvugizi w’Igipolisi, Pierre Nkurikiye, yatangaje ko abo bantu bari mirongo ibiri na batatu, abatafashwe bakaba barirutse barasiga abajejwe umutekano. Uyu muvugizi yasobanuye kandi ko ubwo butare bafatanywe bupima ibiro igihumbi na mirongo indwi n’indwi.

XS
SM
MD
LG