Uko wahagera

USA: Prezida Obama Yashimiye Icegera Ciwe Biden


Prezida Barack Obama atanga umudari ku cegera ciwe, Joe Biden
Prezida Barack Obama atanga umudari ku cegera ciwe, Joe Biden

Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahaye umudari icegera ciwe, Joe Biden, kur’uyu wa kane, umudari w’ubwigenge. Hari mu birori vyo gusezerana vyabereye mu biro vy’Umukuru w’Igihugu.

Ivyo birori vyitabiriwe n’abamenyeshamakuru batari bake. Kuronka uwo mudari vyabaye ibitari vyitezwe na Joe Biden. Prezida Obama yakeje icegera ciwe kuvyo yakoreye Igihugu haraheze imyaka itari mike, mu kuvuga ko ivyo yakoze bizohora vyibukwa n’urunganwe rwo mu myaka iri imbere.

Mw’ijambo yashikirije ryo gushima, Joe Biden yashimiye umuryango wiwe, yongera akeza Prezida Obama ku bikorwa yaranguye. Biden yashimagije Prezida Obama k’ubutwari yagaragaje, avuga ko ata Mukuru w’Igihugu yigeze abona afise ingabire nk’iziwe. Joe Biden yaheraheje avuga ko muvyazohora yibuka harimwo ko yakoranye n’umugabo adasanzwe, yakoreye Igihugu ibidasanzwe.

XS
SM
MD
LG