Uko wahagera

Nijeriya Ishobora Guha Ubuhingiro Perezida Jammeh


Inama nshingamateka y’igihugu ca Nigeriya itegerezwa kwihweza ikibazo c’ukumenya nimba Nigeriya itegerezwa guha ubuhungiro perezida w’igihugu ca Gambiya, Yahya Jammeh.

Emmanuel Yisa Orker-Jev, ayoboye umurwi ujejwe ivy’amategeko n’ubudandaji mu nama nshingamateka, yatangarije Televiziyo y’igihugu, NTA, kw’ico kibazo cari kwihwezwa uno musi ku wa kane.

Amenyesha kw’abadepite bazoganira ivyerekeye gushobora guha ubuhungiro Yahya Jammeh, biciye mu mugambi w’ugutorera inyishu ibibazo vya politike biri muri Gambiya muri iki gihe.

Perezida Yahya Jammeh, yatsinzwe mu matora yabaye kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016. Yamara inyuma yuko yemeye mu ntango ivyavuye mu matora, yarisubiyeko mu nyuma yaho.

Yahya Jammeh, ashaka kwitura amasentare ku vyavuye mu matora. Yatangaje ko atazova ku butegetsi imbere yuko yumvirizwa na sentare nkuru y’igihugu.

Perezida w’igihugu ca Nigeriya, Muhammadu Buhari, azoyobora ku musi wa gatanu, umurwi w’abategetsi b’ibihugu vyo muri Afurika yo mu burangero ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul, kugerageza gutorera inyishu ibibazo vya politike biri muri Gambiya muri iki gihe.

XS
SM
MD
LG