Uko wahagera

Ban Ki-moon Ashobora Kwitoreza Kuyobora Koreya y'Epfo


Ban Ki-moon yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yatahutse mu gihugu ciwe c’amavuko ca Koreya y’epfo. Ivyo mu gihe hari urukurukuru rutera rwiyongera ko azokwitoza kuba perezida.

Ban Ki-moon yakiwe n’abantu isinzi bamushigikiye ku kibuga c’indege hafi y’umurwa mukuru, Seoul, igihe yahgsika mu masaha yo ku muhingamo uno musi ku wa kane.

Igihe yabazwa ku vyerekeye kwitoza kuba perezida, ntiyiyemeje ku buryo butomoye, yamara asa n’uwerekanye ko afise ico ciyumviro. Yatangaje ko yiteguriye gukora yivuye inyuma ku nyungu z’igihugu ciwe.

Ban Ki-moon, arubashwe cane muri Koreya y’epfo bifatiye ku kugene yaserukiye igihugu ciwe mu makungu mu kiringo c’imyaka cumi irangiye.

Ban Ki-moon, muri iki gihe afise imyaka 72, yabaye umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Koreya y’epfo, kuva mu mwaka w’i 2004 gushika mu mwaka w’i 2006.

XS
SM
MD
LG