Uko wahagera

Ingabo z'Amerika Zashinze Ibirindiro muri Polonye


Uburusiya bwerekanye impungenge uno musi ku wa kane kw’irungikwa ry’inteko za Amerika n’ibimodoka vya blinde mu gihugu ca Polonye. Uburusiya bumenyesha kw’ivyo bigeramiye umutekano wabwo.

Igice ca mbere c’inteko za Amerika zashitse muri Polonye zivuye mu Budagi ku wa kane. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise imigambi y’ukurungika abasirikare barenga ibihumbi bitatu muri Pologne.

Igikorwa c’izo nteko ciswe, “The Atlantic Resolve” kizotuma abasirikare bakurakuranwa hagati y’ibihugu vya Pologne n’ibindi bihugu bitari bike biri hafi yaho vyo mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, harimwo Estoniya, Letoniya, Lituaniya, Romaniya, Bulgariya na Hongriya.

Irungikwa ry’inteko za Amerika ryategetswe na reta ya Perezida Obama mu mwaka w’i 2014, mu mugambi w’ukwishura ku gasomborotso k’Uburusiya mu gihugu ca Ukraine.

Ibirori vy’ukwakira intezo za Amerika bitegekanijwe kuba ku musi wa gatandatu. Bizororerwa n’abategetsi bakomeye b’igihugu ca Polonye.

XS
SM
MD
LG