Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Koreya ya Ruguru


Kim Jong Un, Umutegetsi wa Koreya ya Ruguru
Kim Jong Un, Umutegetsi wa Koreya ya Ruguru

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yafatiye ibihano abategetsi bashika kuri 7 ba Koreya ya Ruguru, harimwo na mushiki wa Kim Jong Un, ku bijanye n’ivyo yise ihohoterwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu no guhohotera ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Kur’uyu wa gatatu, ibigo bibiri vya Reta ya Koreya ya Ruguru, bikukira Ubushikiranganji bw’abakozi n’umugwi ujejwe gutunganya akazi, bikaba navyo nyene vyahawe ibihano. Ivyo bihano bigizwe no gufata ubutunzi n’ibindi ivyo bigo bisanzwe bitungiye muri Amerika. Abanyagihugu ba Amerika nabo nyene bakaba babujijwe kugira ico bakorana n’abo bahawe ivyo bihano co kimwe n’ivyo bigo.

Mark Toner, umuvugizi wa Departema ya Amerika amenyesha ko ihohoterwa rikorwa na Reta ya Koreya ya Ruguru ataho riraboneka kw’isi. Toner yatangaje ko abantu bashika ku bihumbi ijana na mirongo ibiri, harimwo n’abana, bagizwe imbohe aho muri Koreya ya Ruguru. Mark Toner akavuga kandi ko mur’ico gihugu bagize umuziro gutanga amakuru no gushikiriza ivyiyumviro.

XS
SM
MD
LG