Uko wahagera

RDC: Ibiganiro vyo ku ncuro ya Kabiri muri Kongo


Abarongozi b'Idini Katolika, mu bganiro vya politike, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo
Abarongozi b'Idini Katolika, mu bganiro vya politike, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, ibiganiro bihuza abanyepolitike vyasubiye gutangura ku ncuro ya kabiri. Ari hamwe bigize ico bipfundika bikazoba ar’ibitunganya amatora uyu mwaka n’ugusezera Prezida Joseph Kabila.

Amasezerano ariho ubu akaba yashitsweko umunsi wa nyuma w’umwaka waraye urangiye w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu, akaba kandi yemejwe n’urunani gw’abari k’ubutegetsi bashigikiye Prezida Kabila, hamwe n’ihuriro rinini rigizwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ayo amasezerano yateweko igikumu, abuza abayasinye guhindura Ibwirizwa Shingiro. Ni mu gihe vyavugwa ko Prezida Kabila afise intumbero yo kurihindura. Ayo masezerano akavuga kandi ko amatora ategerezwa kuba yatunganijwe imbere y’uko uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi uhera, kandi ko hazoshingwa Reta y’ubumwe, iyobowe n’umushikiranganji wa mbere aturutse mur’urunani gw’iyo migambwe iri mu biganiro.

Tubibutse ko abarongozi b’ishengero katolika aribo bariko baratunganya ivyo biganiro. Icegera c’uwuyoboye uwo mugwi akavuga ko ibiganiro vyo kur’iyi ncuro ya kabiri arivyo bigoye cane, kandi bifise inzitizi zitari nke.

Kur’uyu wa gatatu, umukuru w’umugwi w’abahuza akaba yatangaje ko yipfuza ko ivyo biganiro vyo ku ncuro ya kabiri, bitorenza iminsi ine.

XS
SM
MD
LG