Uko wahagera

USA: Umusore Dylann Yaciriwe Urwo Gupfa


Dyllan Roof, yishe abanyamerika b'abirabure icenda, muri Reta ya Caroline y'Ubumanuko
Dyllan Roof, yishe abanyamerika b'abirabure icenda, muri Reta ya Caroline y'Ubumanuko

Kur’uyu wa kabiri ubucamanza bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwaciriye urubanza gwo gupfa umusore w’imyaka mirongo ibiri n'ibiri, azwi kw’izina rya Dylann Roof, yagirizwa kuba yarishe abirabure b’abanyamerika icenda, abasanze mw’ishengero, muri Reta ya Caroline y’Ubumanuko, mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu.

Mu rwandiko yasohoye, Loretta Lynch, umushingwamanza mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko ata gishobora kugarukana ubuzima bw’abantu icenda bishwe n’uwo musore, yamara ko yizeye ko iyo ngingo izofasha mu gisagara ca Charleston, ahabereye ubwo bwicanyi, no mu gihugu cose.

Roof akaba yasavye kur’uyu wa mbere ko urubanza gwiwe gwokwunguruzwa, yamara nta vyabona yashikirije. Amatohoza yasabwe gukogwako ku bijanye n’ingorane zo mu mutwe akaba yarahakanye kuyakoresha.

Dyllan Roof yagirwa n’ivyaha mirongo itatu na bitatu, harimwo icaha c’amacakubiri gihanwa k’urwego gw’igihugu, ari naco catumye acirwa urwo gupfa.

XS
SM
MD
LG