Uko wahagera

USA: Prezida Obama Ati "n'Agasaga..."


Prezida Obama mw'ijambo ryiwe rya nyuma nk'Umukuru w'Igihugu
Prezida Obama mw'ijambo ryiwe rya nyuma nk'Umukuru w'Igihugu

Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashikirije ijambo k’umugoroba wo kur’uyu wa kabiri, ijambo ryo kurangiza ibiringo bibiri yar’amaze ar’Umukuru w’Igihugu. Prezida Obama yashikirije ijambo ryiwe rya nyuma nk’Umukuru w’Igihugu muri Reta ya Chicago, asanzwe aturukamwo, ahari abantu ibihumbi bari bitabiriye ico gikorwa.

Mw’ijambo Prezida Obama yashikirije yagarutse ku bikorwa yaranguye mu kiringo c’imyaka umunani yaramaze arongoye Igihugu. Bimwe mur’ivyo akaba ar’ibijanye n’ubutunzi bwaduze, mu gihe yashitse k’ubutegetsi bugeramiwe, ibikorwa bijanye no kugwanya iterabwoba, kurekurira abipfuza kwubaka bose, no kugwanya ihingurwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Irani.

Prezida Obama yatangaje ko mu gihe ariko arabisikanya m’umutekano n’uwugiye kumusubirira, demokrasi ya Amerika igaragarira mu migambi yubahiriza abanyagihugu. Mur’iryo jambo ryo gusezera, nkuko ibiro vyiwe vyaryise ngo “n’agasaga”, Prezida Obama yafashe umwanya wo gushimira abamwizeye, ashimira umuryango wiwe, yongera kandi ashimira icegera ciwe Joe Biden, mu kuvuga ko igena ryiwe ryabaye ingingo ya mbere nziza yafashe.

Mur’iryo jambo Prezida Obama yatangaje kandi ko yizeye ko nubwo agiye adahejeje urutonde rw’imigambi yiwe yose, yizeye ko we n’abamufashije bose, bagize uruhara m’ukwubaka igihugu kizorera urunganwe ruzokurikira.

Prezida Obama akazobisikanya na Donald Trump agiye kuramutswa Amerika, itariki ya mirongo ibiri z’uku kwezi kwa mbere. Donald Trump akazoba ar’Umukuru w’’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika agira uwa mirongo ine na gatanu.

XS
SM
MD
LG