Uko wahagera

Gambiya: Amakungu Asaba Jammeh Gukinjura


Imigambi n’ivyipfuzo vya Perezida Yahya Jammeh wa Gambiya vyo kugerageza kuguma kubutegetsi bisa nibigenda bizimangana.

Abashikiriza manza batanu bava muri Nigeriya na Sierra Leone bari bakenewe mu kwemeza sentare nkuru y’igihugu ca Gambiya ntibitavye urubanza rwari kuba I Banjul kuri uno musi wa kabiri.

Urwo rubanza rwari rugamije kugira ico rushikirije kubijanye n’icipfuzo ca Perezida Jammeh co gutesha agaciro ivyavuye mu matora aherutse kuba mugihugu ciwe. Aho ni mugihe amakungu yamaze kwemere ko Adama Barrow ariwe yatsinze amatora. Amakungu asaba kandi ko Perezida Jammeh akinjura.

XS
SM
MD
LG