Uko wahagera

Abategetsi muri Afganistani batangaza ko ibitero bibiri vy’amabombe vyagizwe n’abihevyi mu gisagara ca Kabul kuri uno musi wa kabiri. Bamenyesha ko vyahitanye abantu 22 vyongera bikomeretsa abandi 70.

Ababibonye bavuga ko abagize ivyo bitero bateye imiduga y’abategetsi bari bavuye mubiro vy’inama nshingamateka. Harakekwa ko igitigiri c’abitaba imana gishobora kwiyongera.

Amakuru atandukanye avuga ko mu baguye muri ico gitero hashobora kuba harimwo abategetsi bakomeye bo mu nzego zijejwe umutekano, abasivile, hamwe n’abashingamateka.

Ako kanya nyene igitero kibaye, abagwanyi b’Abatalibani baciye baciyitira. Bavuzeko bishe kandi bakomerekeje abantu benshi. Aho ni mugihe iyo abo bagwanyi bagize ibitero basanzwe baca bavuga kw’igitigiri c’abo bishe ari kini kurusha ikizwi.

XS
SM
MD
LG