Uko wahagera

RDC: Amasezerano ya Politike Yapfunditswe


Marcel Utembi, Umukuru w'inama nkuru y'abepiskopi muri Kongo
Marcel Utembi, Umukuru w'inama nkuru y'abepiskopi muri Kongo

Abatavuga rumwe na Reta muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo baremeranije n’abaserukira reta ko Perezida Joseph Kabika azova k’ubutegetsi inyuma y’amatora ategekanijwe imbere y’uko umwaka w’2017 urangira.

Ayo masezerano yateweko igikumu n’impande zose kur’uyu wa gatandatu.

Abahuza ba Ekleziya Katolika muri Kongo bari bamaze indwi zitari nke basaba impande zose gushika k’umwumvikano kugira bakinge intambara.

Ayo makenga yar'afatiye ko Kabila amaze indwi zirenga zibiri k’ubutegetsi kandi ibiringo vyiwe vyararangiye.

Mugihe ayo masezerano yokwubahirizwa, bwoba bubaye ubwa mbere ubutegetsi buhererekanwa mu mahoro kuva Kongo kironse intahe yo kwikukira mu 1960.

Marcel Utembi arongoye inama nkuru y’abepiskopi muri Kongo yatangaje ko anezerejwe no kubona abanyepolitike bateye umukono kur’ayo masezerano.

Ariko naho bir’uko haracari intambamyi. Umurwi utunganya amatora wavuze ko ata matora ashoboka imbere y’umwaka w’2018, kandi benshi baribaza nimba vy’ukuri Kabila azova k’ubutegetsi.

Ni mugihe kandi abamushigikiye bipfuza guhindura ibwirizwa nshingiro kugira abashe kwitoza ikindi kiringo, nkuko n’abandi bakuru b’ibihugu vy’Afrika bagize.

XS
SM
MD
LG