Uko wahagera

Ban Ki Moon Yasezeye


Ban Ki Moon Aramukanya na Antonio Guterres agiye kumusubirira
Ban Ki Moon Aramukanya na Antonio Guterres agiye kumusubirira

Uyu mwaka mushasha ugiye kurangira mugihe Ban Ki Moon nawe arangije amabanga yiwe nk’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Kur’uyu wa gatandatu Ban Ki Moon aratanguza ibirori vyugurura ukwigina umwaka mushasha, umuhango wama ukorwa buri mwaka I Times Square mu gisagara ca New York.

Ban ki Moon yanasezeye kur’uyu wa gatanu abakozi ba ONU aranabashimira kubwira n’umwete bakorana akazi.

Tubibutse ko amabanga yiwe arangirana n’iyi tariki ya mbere mur’uku kwezi kwa mbere 2017.

Uwuzoca amusubirira ni Antonio Guterres yahoze ar’umushikiranganji wa mbere wa Portugal.

XS
SM
MD
LG