Uko wahagera

Gambiya: Yahya Jammeh Yivuguruje Mu Gusaba Ayandi Matora


Perezida Yahya Jammeh wa Gambiya, mugihe c'imyiyamamazo k'umurwa mukuru Banjul, m'ukwezi kwa 11, italiki 29, 2016.
Perezida Yahya Jammeh wa Gambiya, mugihe c'imyiyamamazo k'umurwa mukuru Banjul, m'ukwezi kwa 11, italiki 29, 2016.

Perezida wa Gambiya, Yahya Jammeh yivuguruje mu kuvuga ko atemera ivyavuye mu matora yabaye mu ndwi irangiye, inyuma y’aho wenyene ubwiwe aheruka kwemera ko yatsinzwe kandi ko agiye kuva k’ubutegetsi.

Perezida Jammeh, amaze imyaka irenga 22 k’ubutegetsi yatangaje kuri Televiziyo y’igihugu kur’uyu wa gatanu ko yipfuza ayandi matora mashasha.

Iryo tangazo ritumye kazoza muvya politike k’ico gihugu co muri Afrika y’Uburengero kagiye kujamwo ibibazo n'impari, mugihe ubwiwe yihamagariye k’umusi wa gatanu w’indwi irangiye bahiganywe aranamukeza kuntsinzi yaronse.

Adama Barrow, Aheruka gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu muri Gambiya
Adama Barrow, Aheruka gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu muri Gambiya

Umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora wari watangaje k’ur’uwo musi nyene wa gatanu ko Barrow yatsinze ku majwi 45 kw’ijana nawe Jammeh atahukana amajwi 36 kw’ijana. Uwatahukanye ikibanza ca gatatu ni Mama Kandeh, ku majwi 17 kw’ijana.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yaneguye ivyashikirijwe na Perezida Jammeh ko yanse ivyavuye mu matora no gusaba itunganwa ry’ayandi matora.

Amerika isaba Jammeh, kwemera ivyavuye mu matora no gutegura ibisikanya k’ubutegetsi nkuko ibwirizwa nshingiro rya gambiya ribivuga.

Amerika itera akamo inzego zose z’igihugu zigizwe n’abatsinze amatora, abasirikare, abarongoye amadini, abanyepolitike hamwe n’amashirahamwe abadaharanira inyungu za politike kwirinda icoza kigomba gusesa amaraso kandi bubahirize aho abanyagihugu bashize.

XS
SM
MD
LG