Uko wahagera

Ghana: Prezida Mahama Azokwemera Ibivuye mu Matora


John Mahama, Prezida wa Ghana
John Mahama, Prezida wa Ghana

Prezida w’igihugu ca Ghana, John Mahama, yatangaje ko azokwemera ibizoba vyavuye mu matora yabaye ku musi wa gatatu. Ivyo ni mu gihe igihugu kirindiye kw’urwego rw’igihugu rujejwe amatora rutangaza uwatsinze amatora.

Inzego zijejwe itangazamakuru muri Ghana zimenyesha ko mu gihe menshi mu majwi amaze guharurwa, Nana Akufo-Addo, wo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, New Patriotic Party, mu mpfunyapfunyo, NPP, ugiye gutsinda biboneka n’ibice mirongo itanu na bitatu kw’ijana vy’amajwi.

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora yamara, rwarikweze mu gushikiriza ivyavuye mu matora, mu kuvuga ko rushaka gutangaza ibiharuro vy’ukuri vyerekana ivyyipfuzo vy’abanyagihugu.

Akamo karatewe ku mbuga ngurukanabumenyi kuko urwego rw’igihugu rujejwe amatora runyarutsa igikorwa c’uguharura amajwi.

Mw’ijambo yashikirije abamushigikiye, aho aba ku murwa mukuru Accra, prezida Mahama yasavye abantu ko baguma batekanye.

Akufo-Addo, umukandida atavuga rumwe na Reta, n’abategetsi b’igipolisi nabo nyene basavye abanyagihugu kwihangana, mu gihe urwego rw’igihugu rujejwe amatora ruriko rurangura igikorwa carwo.

Prezida Mahama, ariko arondera ikiringo kigira kabiri mu mabanga y’ukuyobora igihugu ca Ghana.

XS
SM
MD
LG