Uko wahagera

Abantu 97 basize ubuzima muri nyamugigima yashitse mu gihugu ca Indoneziya mu bucagucagu bwo kur’uyu wa gatatu.

Abategetsi ba Indoneziya bamenyesha ko n’abandi bantu bashika ijana bakomeretse mur’iyo nyamugigima yasinzikaje agace ka Pidie Jaya, mu buraruko bw’izinga rya Sumatra.

Inyubakwa zitari nke zirimwo imisigiti, amamangazini, n’amazu y’abanyagihugu yabomotse. Abakora ibikorwa vyo gutabara baracariko bararaba ko har’abo borokora.
XS
SM
MD
LG