Uko wahagera

Ubuyapani: Shinzo Abe Ntazosaba Imbabazi ku Gitero ku Kivuko ca Pearl Harbor


Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe

Umuvugizi wa Reta y’igihugu c’Ubuyapani amenyesha kw’umushikiranganji wa mbere, Shinzo Abe, atazosaba imbabazi ku gitero igihugu ciwe cagize ku kivuko ca Pearl Harbor, mu mwaka w’i 1941, igihe azogendera ico kibanza kiri kw’izinga ry'Amerika rya Hawaii, mu mpera z’uku kwezi.

Urugendo rwa Shinzo Abe rwerekana ukwiyemeza kwiwe ku vyerekeye kazoza, n’ukubona kw’amabi y’ingwano y’isi yose atazosubira kuba, n’ukurungika ubutumwa bw’ugusubira hamwe hagati y'Amerika n’Ubuyapani.

Ivyo vyatangajwe n’umunyamabanga mukuru wa Reta, Yoshihide Suga, kur'uno ku wa kabiri.

Hazoba haheze mur'uyu mwaka imyaka 75 y’ukwibuka igitero ku kivuko ca Pearl Harbor, catumye Reta Zunze Ubumwe z'Amerika zinjira mu ngwano ya kabiri y’isi yose.

Haheze amezi atandatu, prezida w'Amerika, Barack Obama, abaye umuprezida wa mbere, ari mu mabanga yiwe, agendeye icibutso mu gisagara ca Hiroshima mu Buyapani, aho mu mwaka w’i 1945 Amerika zaturikije bombe atomike ya mbere, mu mugambi w’ukurangiza ingwano ya kabiri y’isi yose.

Urugendo rw’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, rubonwa nk’ukurangiza ikiiringo cakwirikiye ingwano ya kabiri y’isi yose.

Abasirikare b’Abanyamerika barenga ibihumbi bibiri n’amajana atatu barishwe mu gitero c’indege z’ingwano z’Ubuyapani ku kivuko ca Pearl Harbor.

Ico gitero catumye ubwato bw’ingwano bw'Amerika, USS Arizona bwibira, mu gihe ubundi bwato 20 bwononekaye canke burasambuka, hamwe n’indege ijana na mirongo itandatu na zine.

Umusi w’ico gitero uzokwibukwa, ku musi wa gatatu italiki 6 z'ukwezi kwa 12. Hazoba igihe c’agacerere igihe c’isaha imwe n’iminuta 55 yo mu gitondo, mu masaha yaho ico gitero cabereye.

Ico n’igihe inde z’ingwano z’Ubuyapani zatanguye gutera amabombe mu bibanza vyo ku kivuko ca Pearl Harbor.

XS
SM
MD
LG