Uko wahagera

Ishirahamwe O-T-A-N Rifise Impungenge ku Mikorane yaryo na Donald Trump


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-T-A-N, Jens Stoltenberg

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, bahanganye n’ibibazo bikomeye mu gihe bariko bahura uno musi ku wa kabiri i Bruxelles, mu biganiro birangiza umwaka.

Yamara mu gihe iryo shirahamwe rihanganye ibibazo bitari bike, ikibazo gikomeye cane n'ikiri ku rutonde rw’ibitegekanijwe kwihwezwa.

N’ukuvuga imigambi ya prezida aherutse kuva mu matora muri Amerika, Donald Trump, azofata ku bijanye n’iryo shirahamwe igihe azoshikira icese amabanga y’ukuyobora Amerika.

Ibintu bitandukanye Donald Trump, yantangaje ku vyerekeye ishirahamwe, O-T-A-N, impungenge ziyongera kubanyabulaya.

Ntaco umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-T-A-N, Jens Stoltenberg, yavuze ku buryo butomoye kuri ivyo bibazo ,mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere. Yavuze gusa ko yiteguriye kuzokorana na Trump na Reta yiwe.

Imbere yaho yatangaje ko yishimiye ko ukwiyemeza kwa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, ku vyerekeye ishirahamwe, O-T-A-N, kuzobandanya.

Ivyo naho Donald Trump yatangaje ko Amerika ishobora kutazotabara ibihugu vyo mw’ishirahamwe O-T-A-N bitazoba vyarishe intererano y’amafranga biheranye.

XS
SM
MD
LG