Uko wahagera

Akarere ka Afrika yo mu Bumanuko Kageramiwe Bikomeye n'Inzara


Inkurikizi z’uruzuba mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko rumaze igihe kirekire zariyongeye.

Ivyo bitangazwa n’abategetsi bajejwe gutanga imfashanyo. Abantu imiliyoni cumi na zitatu n’ibihumbi amajana umunani barageramiwe n’inzara muri iki gihe.

Aya mezi y’imbere y’umwimbu wimirije arahambaye cane. Ivyo bitangazwa n’umutegetsi ajejwe gukwirikirana ibikorwa vy’ugutabara abanyagihugu mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, Timo Pakkala.

Hari ikibazo c’ibifungurwa bike cane kubera umwimbu utagenze neza bitewe n’ibihe bibi birangwa n’ubushuhe bukabije, bita El-Nino, vyageramiye bikomeye akarere ka Afrika yo mu bumanuko kuva mu mwaka w’2015.

Ku bibazo vy’ibifungurwa bike hiyongerako ibiciro bidashemeye vy’ibidandazwa biva mu burimyi, n’ubutunzi butifashe neza mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko. Ivyo bishobora kugeramira ubushobozi bw’ama Reta bw’ugufasha.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ritangaza kw’abana ibihumbi ijana na mirongo itatu n’indwi bategerejwe kuvanwa mu mashule, benshi muribo kubera kugeramirwa n’inzara n’inyota.

Igice c’Abanyamalawi bahanganye n’ibibazo bikomeye vyerekeye ibifungurwa. Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ritangaza ako rikeneye imiliyoni amajana atanu na mirongo itanu y’imfashanyo.

Timo Pakkala, ajejwe gukwirikirana ibikorwa vy’ugutabara abanyagihugu mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, avugako umwimbu wimirije ushobora gufasha kugabanya ikiza c’inzara muri ako karere.

XS
SM
MD
LG