Uko wahagera

France: Valls Azokwitoza mu Matora y'Umukuru w'Igihugu


Manuel Valls, Umushikinganji wa mbere w'Ubufaransa

Manuel Valls, Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa yatangaje kur’uyu wa mbere ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu mu matora ategekanya kuba mu mwaka uza aho mu Bufaransa.

Valls yatangaje kandi ko aca atanga imihoho kur’uyu wa kabiri kugira ashobore kwitegurira iryo higanwa. Akazobanza guhiganwa mu matora y’ibanze n’abandi bakandida mu mugambwe w’aba socialiste, mu kwezi kwa mbere kw’umwaka buca utangura.

Ivyo Manuel Valls yabishikirije inyuma y’aho Prezida Francois Hollande atangarije ko atazokwitoza mu kiringo kigira kabiri nk’Umukuru w’Igihugu. Hollande abaye Umukuru w’Igihugu wa mbere, mu mugambwe w’aba socialiste, asezeye atagerageje gusubira kwitoza.

Manuel Valls afise imyaka Mirongo Itanu n'Ine, akaba yamye yemegwa nk’umukandida ashobora kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu. Ari hamwe atsindiye amatora yibanze akazoca ahiganigwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu na Francois Fillon aza yaratowe guserukira umugambwe w’aba republicain de centre-droit.

Amatora y’Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa azoba mu mwaka uza w’Ibihumbi Bibiri na Cumi n'Indwi, akazoba incuro zibiri, mu kwezi kwa kane no mu kwezi kwa gatanu.

XS
SM
MD
LG