Uko wahagera

USA: Umushikiranganji Mushasha mu Ntwaro ya Trump


Ben Carson
Ben Carson

Donald Trump aheruka gutogwa mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaraye agenye uwuzomubera Umushikiranganji w’iterambere ry’Uburaro n’ibisagara, uwo nawe ni Ben Carson, Umukukuruke mu vy’ubuvuzi mu gisata co kubaga imitsi yo m’umutwe.

Kur’uyu wa mbere, Trump yatangaje ko igenwa rya Carson yarikoze yisunze kw’ar’umuntu afise ubwenge n’umwitwarariko wo gukomeza iterambere ry’imiryango.

Yamara bamwe mubanyepolitike baranegura iryo genwa, bakavuga ko Carson ata buhinga na buke afise mur’ico gisata c’iterambere ry’imiryango. Ivyo vyavuzwe na Nancy Pelosi, umu demokrate, aserukira imigwi y’inkehwa mu nama nshingamateka.

Ben Carson afise imyaka mirongo itandatu n'itanu. Igenwa ryiwe, co kimwe n’abandi bose, rikazobanza kwemerwa n’Inama Nkenguzamateka. Vyitezwe ko mur’iyi ndwi hatangazwa igenwa ry’abandi bashikiranganji, umwe mubo Trump abandanya kurondera akaba ar’Umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu.

XS
SM
MD
LG