Uko wahagera

Kenya: Abanganga Mumyiyerekano Basaba Kwongerezwa Imishahara


Abaganga muri Kenya mumyigaragamvyo
Abaganga muri Kenya mumyigaragamvyo

Muri Kenya abaganga n’abaforoma bahagaritse akazi kur'uyu wa mbere mu myiyerekano y’ugusaba ko bongerezwa imishahara n’ibikenewe vyose kugira bashobore kurangura imirimo yabo neza.

Iyo myiyerekano ibaye inyuma yaho ibiganiro bagiranye n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bitagenze neza ku musi wa mungu.

Abanganga n’abaforoma hafi ibihumbi bibiri bafashe inzira baja kubiro bikuru vy’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amahanga, hamwe no kubiro bijejwe ubutunzi ku mugwa mukuru I Nairobi.

Abaganga basanzwe hamwe na sendika y’abavura amenyo bakorera kubitaro vya reta ivuga ko abanywanyi bayo basaba kwongerezwa imishahara incuro 300 % nkuko biri mu masezerano baragiranye na reta mu mwaka 2013.

Ouma Oluga aserukira iyo sendika avuga ko reta itakurikije ivyo yari yiyemeje mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka wi 2013.

Mur'ayo masezerano hasabwa ibitandukanye harimwo ukunagura ibikogwa bisabwa mukazi, gutunganiriza ibijanye n’amashure yisumbuye, kuduzwa ipete mukazi, kwemeregwa guhindura akarere ukoreramwo, n’ukwongerezwa imishahara.

Ayo masezerano ashizwe mungiro, umuganga muto yahora akorera amadolari 400 ku kwezi yoronka ibihumbi 3,420, umuganga mukuru nawe yaronka 5000 ku kwezi yoronka ibihumbi 9,400.

XS
SM
MD
LG