Uko wahagera

BURUNDI : Amatati y’Amatongo Yabaye Ingorabahizi


Rugofarm
Rugofarm

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe RUGOFARM rirangurira ibikorwa vy’uburimyi muri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke, ariyamiriza ingingo ya Musitanteri wa komine Rugombo yo kumwaka itongo yahora aranguriramwo ibikorwa vy’iterambere.

Iyo ngingo yo kwaka itongo ishirahamwe RUGOFARM ryitaho ibikorwa vy’uburimyi yashizwe mu ngiro kur’uyu wa gatandatu na musitanteri wa komine Rugombo.

Umupfasoni Béatrice KADERI Yabwiye ab’arongoye kw’ iyo ngingo ije gushira mu ngiro ingingo ya CNTB umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo.

Iyo ngingo ntiyakiriwe kumwe n’abahora barimira mur’iryo tongo, umuyobozi mukuru wa RUGOFARM avuga ko ar’iry’ishirahamwe kuva mu 1991. Abari barakose aho barima mur’iryo tongo bavuga ko iyo ngingo izoba mbi

Umuyobozi mukuru wa RUGOFARM yabwiye Ijwi ry’Amerika kur’uno w’Imana ko yakiriye nabi iyo ngingo yo kumwirukana mw’itongo avuga ko yariguze n’ishirahamwe Ruzizi ryaharima igiterwa c’ikawa.

N’inkuru ya Evariste Nzikobanyanka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:13 0:00

XS
SM
MD
LG