Uko wahagera

Nijeriya: ONU IZofasha Abasinzikajwe n'Ibitero vya Boko Haram


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko rigiye gutanga umuriyaridi w’amadolari y’abanyamerika azofasha abanyagihugu ba Nigeriya basinzikajwe n’umuhari w’iterabwoba Boko Haram mu buraruko bwa Nijeriya.

ONU yizeye ko izo mfashanyo zizofasha abanyagihugu bashika imiliyoni indwi basinzikajwe n’intambara ya Boko Haram, intambara yahitanye abashika ibihumbi cumi na bitanu, ikura muzabo abarenga imiliyoni zibiri mu kiringo c’imyaka indwi.

Icegera c’umuyobozi ajejwe gutunganya ivy’imfashanyo muri ONU, Peter Lundberg yatangaje ko ayo mafaranga azofasha mu kuronsa abo banyagihugu ibifungurwa, uburaro, kubavura hamwe n’ibindi vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose.

XS
SM
MD
LG