Uko wahagera

Angola: Perezida Dos Santos Ntazitoza muri 2017


José Eduardo dos Santos, Prezida wa Angola
José Eduardo dos Santos, Prezida wa Angola

Perezida wa Angola Jose Eduardo dos Santos, ntazosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu mwaka uza.

Radiyo ya reta kur’uyu wa gatanu yatangaje ko umugambwe MPLA uri ku butegetsi wahisemwo umushikiranganji wo kwivuna abansi, Joao Lourenço, ko ariwe uzoshira imbere mu matora ategekanijwe m’ukwezi kwa munani umwaka w’2017.

Dos Santos, ubu aza afise imyaka 74 y’amavuko, yatanguye kurongora Angola kuva mu mwaka w’1979. Amaze imyaka 37 k’ubutegetsi kandi n’umukuru w’igihugu agira kabiri muri Afrika yabaye k’ubutegetsi igihe kirekire, inyuma ya Teodoro Obiang Nguema Mbasogo wa Guine Equatorial.

XS
SM
MD
LG