Uko wahagera

Umwe Mubakekwa Kugomba Kwica Nyamitwe Yafashwe


Pierre Nkurikiye Avugira igipolisi c'Uburundi
Pierre Nkurikiye Avugira igipolisi c'Uburundi

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye yemeza ko abantu bategereye Willy Nyamitwe, umujenama muvyo kumenyesha amakuru mubiro vya Perezida Nkurunziza bari hagati ya batanu na cumi. Ivyo yabishikirije mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri.

Nkurikiye yemeza ko bamutegerereye hafi yo muhira iwe muri Karitiye ya Kajaga, komine Mutimbuzi mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Bujumbura kandi ko hari umusirikare yafatiwe ahitwa mu Kinyinya hafi ya Kajaga ahabereye ico gitero.

Nkurikiye asigura kandi ko abamurashe bateshejwe n’umwe mu bapolisi yari yasigaye acungereye urugo rwa Nyamitwe n’abasirikare bari kw’ibarabara rikuru rya Bujumbura Gatumba rija muri Kongo uciye ku mupaka wa Uvira.

Ido n’ido ry’ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye tubishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:25 0:00

Lt. Col Rene Ngendahimana, Umuvugizi w'ingabo z'u Rwanda
Lt. Col Rene Ngendahimana, Umuvugizi w'ingabo z'u Rwanda

Igisirikare c’Urwanda cateye ivyatsi ivyagirizo vy'igihugu c’Uburundi bivuga ko Urwanda rwoba rwihishije inyuma y'umugambi mubisha washatse guhitana Nyamitwe.

Umuvugizi w'igisirikare c’Urwanda Lt Col Rene Ngendahimana yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ari ibintu Uburundi buvuga ata bimenyetso. Yavuze ko ari ugushaka kwinjiza Urwanda mu bibazo vy’Uburundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:09 0:00

Reta y’Uburundi ibicishije mw'itangazo ryashizweko igikumu n’umunyamabanga mukuru Philippe Nzobonariba inegura bikomeye abaraye bahatswe kugandagura Nyamitwe.
Nzobonariba muri iryo tangazo, avuga ko ubutumwa Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE yacishije ku rubuga Ngurukanabumenyi bwa Twitter yiwe igenekerezo rya 24 ari icemezo gikomeye cuko we n’abaheruka gutumirwa mu nama nshingamateka y’Ububirigi bari inyuma y’umutekano muke uvugwa I Bujumbura. Mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika Nininahazwe yahakanye ivyo birego atera ivyatsi abakoze ico gitero.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:39 0:00

XS
SM
MD
LG