Uko wahagera

Abakinyi ba Brezil 76 Bahitanwe n'Impanuka y'Indege


Abatabazi bagerageza gutora ibiziga vy'abasize ubuzima mu mpanuka y'indege muri Colombia.

Abatabazi bagerageza gutora ibiziga vy'abasize ubuzima mu mpanuka y'indege muri Colombia.

Abakinyi 76 nibo basize ubuzima mu mpanuka y’indege yakorotse muri Colombia kur’uyu musi wa kabiri.

Reta ya Brezil yatangaje ikigandaro c’imisi itatu mugihugu kubantu bahitanwe n’iyo mpanuka bagwiriyemwo abakinyi b'umurwi w'umupira w'amaguru wo muri Brezil witwa Chapecoense.

Abategetsi muri Colombia batangaje ko abantu batandatu barokotse iyo mpanuka y’iyo ndege yar’ije iva I Sao Paulo muri Brezil.

Ikigo cishinze guhangana n’impanuka kivuga ko umukinyi agira gatandatu azwi kw’izina rya Helio Hermito Zampier Neto yatabarijwe. Amahirwe yuko har’abandi boba barokotse ntaramenyekana.

Abategetsi bajejwe ivy’indege batangaje ko iyo ngede yoba yagize ikibazo mu buhinga bw’ivyuma.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG