Uko wahagera

USA: Abantu Barenga 7 Bakomeretse mugitero Kuri Kaminuza ya Columbus muri Ohio


Ohio State Active Shooter
Ohio State Active Shooter

Kaminuza ya reta ya Ohio muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yatanze ubutumwa bwo kugabisha kugitero cahabereye kur’uyu wa mbere.

Abajejwe kurwanya umuriro mu gisagara ca Columbus batangaza ko abantu indwi batwawe mubitaro.

Igisata kijejwe gutabara kur’iyo kaminuza casavye abar’aho bose kuguma mubibanza barimwo. Gushik’ubu igipolisi kiracari kur’iyo kaminuza.

Abanyeshure bashika ibihumbi mirongo itandatu nibo biga kur’iyo kaminuza ya Columbus. Ntayandi makuru arenga ayo gushik’ubu aratangazwa.

XS
SM
MD
LG