Uko wahagera

Abashikiranganji 3 ba ANC Basaba Perezida Zuma Gutanga Imihoho


Perezida Jacob Zuma w'Afrika y'Epfo

Perezida Jacob Zuma w'Afrika y'Epfo

Abashikiranganji batatu ba Reta ya Afrika y’Epfo bo mumugambwe ANC uri ku butegetsi basavye Perezida Jacob Zuma gutanga imihoho inyuma y’aho amaze imisi yagirizwa ivyaha bitari bike.

Ibinyamakuru vyo muri Afrika y’Epfo, bitangaza ko abashikiranganji bagizwe n’uw’ingenzi, Derek Hanekom, uw’amagara y’abantu Aaron Motsoaledi, hamwe nuw’ibikorwa vya reta Thulas Nxesi bamusavye gutanga imihoho inyuma y’inama y’umugambwe ANC yabaye mumpera z’iyi ndwi.

Umushakashatsi w’umunyafrika y’Epfo muvya politike, Ranjeni Munusamy yatangaje ko Zuma ariko arwanira ubuzima bwiwe muvya politike.

Ugutanga imihoho kwiwe gushobora kutoroha nkuko bamwe babivuga. Zuma aracafise abanywanyi batari bake bamushigikiye mu mugambwe wiwe ANC na bamwe mubashingwamanza biwe.

Muntango z’uku kwezi kwa cumi na kumwe yararusimvye aho abashingamateka bo mu mugabwe utavugarumwe na reta Democratic Alliance bari batanze integuro y’itegeko yar’itumbereye kumukurako amaboko aho bavuga ko abangamiye umutekano mugihugu.

Zuma yagirijwe akatari gake ko yakoresheje amafaranga ya reta ashika imiliyoni 20 z’amadolari mu gusanura inyubakwa yiwe afitiye hagati mugihugu.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG