Uko wahagera

RDC: Ubwicanyi Bwahitanye Abantu Mirongo Itatu


Imva zabahitanywe n'Ububwicanyi mu buseruko bwa Kivu, muri Congo
Imva zabahitanywe n'Ububwicanyi mu buseruko bwa Kivu, muri Congo

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, abanyagihugu bashika kuri mirongo itatu bahitanywe n’ubwicanyi bwabaye kur’uyu w’Imana mu gisagara ca Luhanga, mu buseruko bwa Congo.

Izo ntureka zadutse hagati y’abo mu bwoko bw’Abahutu n’aba Nande. Ubutegetsi bumenyesha ko aba Nande aribo batanguye iyo ntambara, bukavuga kandi ko ar’intureka imaze umwaka hagati y’ayo moko abiri.

Joy Bokele, arongoye intara ya Kivu y’Ubuseruko amenyesha ko abo bagwanyi batanguye gutera ikirindiro c’abasirikare imbere y’uko izo ntureka zaduka mu gisagara ca Luhanga.

Mwomenya kandi ko imishamirano iri hagati y’amoko, imigwi ituruka hanze y’Igihugu ca Congo, co kimwe n’amatati aturuka ku matongo hamwe n’ubutunzi bw’amabuye y’agaciro vyatumye haduka intureka z’urutavanako hagati y’iyo migwi yose, iri aho mu buseruko bwa Congo, intureka zimaze imyaka irenga mirongo ibiri, zahitanye ubuzima bw’abanyagihugu ama miliyoni.

XS
SM
MD
LG