Uko wahagera

Ku bwa Zenon Nicayenzi Fidel Castro Agiye nk'Umugabo


Umukurambere, Zenon Nicayenzi

Umukurambere, Zenon Nicayenzi

Fidel Castro, yahoze ayoboye igihugu ca Cuba, yitavye Imana ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije, afise imyaka mirongo icenda. Yayoboye Cuba kuva mu mwaka w’1959, inyuma yuko atembagaje intwaro ya prezida Fulgencio Baptista.

Yaragize uruhara rukomeye cane mu gufasha ibihugu bitobito na cane cane ibihugu vyo muri Afrika kurwanya intwaro za gikoloni. Yaragwanije bikomeye Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabona ko zishaka kwiganzira isi nzima, n’ugukandamiza ibihugu bitobito bitagira kuri politike yazo.

Mu mwaka w’i 2006, yashikirije amabanga y’ukuyobora igihugu icegera ciwe, kandi basanzwe bavukana, Raul Castro, yashinzwe icese amabanga ya prezida mu mwaka w’i 2008.

Zenon Nicayenzi, n'umukurambere yigeze kuba umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi w’Uburundi hagati y’umwaka w’i 1961 n’umwaka w’i 1963. Yarigishije ivyerekeye ubutunzi kuri kaminuza y’Uburundi yongera aba umushikiranganji ajejwe imigambi ya Reta hagati y’umwaka w’i 1966 n’umwaka w’i 1967.

Yahaye ikiganiro Ijwi rya Amerika aho yavuze kw'irangi Fidel Castro asize:

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG