Uko wahagera

USA: Abimukira Binjira Kubwinshi Trump Ataratangura Amabanga


Umuyobozi w'ikigo gicumbikira abimukira, Jose Garcia, iburyo, hamwe n'abagabo 2 bava muri Guatemala bariko baja muri reta ya Mexico, muri Amerika.
Umuyobozi w'ikigo gicumbikira abimukira, Jose Garcia, iburyo, hamwe n'abagabo 2 bava muri Guatemala bariko baja muri reta ya Mexico, muri Amerika.

Ibisata vya Reta zunze ubumwe z’Amerika bikurikirana ikibazo c’impunzi n’abimukira biriko birahangana n’abimukira bariko binjira kubwinshi mu buryo budahuje n’amategeko.

Ivyo bisata bivuga ko batanguranwa n’uko Donald Trump aheruka gutahukana intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yotangura amabanga yo kurongora igihugu mu kwezi kwa mbere baza baramaze gushika muri Amerika.

Abo bimukira binjira bava mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati arivyo El Salvador, Guatemala na Honduras.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Amerika butangaza ko bwafashe abarenga ibihumbi 46 mu kwezi kw’icumi, abarenga ibihumbi 39 mu kwezi kw’icenda hamwe n’abarenga ibihumbi 37 mu kwezi kw’indwi.

Mubihe vyo kwiyamamaza, Trump yashikirije ko mugihe yotsinda amatora azosubiza iwabo abimukira imiliyoni 11 baba muri Amerika badakwije amategeko kandi ko azoca yubaka uruhome ku rubibe rwo mu bumanuko bw’Amerika.

Inyuma y’aho atsindiye yaciye ahindura imvugo mu kuvuga ko azokwirukana gusa abashika imiliyoni zibiri bafise ivyaha bagirizwa.

XS
SM
MD
LG