Uko wahagera

Abapolisi Bahanganye n'Abimukira Bagumutse muri Bulgariya


Abapolisi hamwe n'abapolisi ba Bulgariya kukibanza co kwandikiramwo impunzi c'i Harmanli Baje guhangana n'abimukira Bagumuka.

Abapolisi hamwe n'abapolisi ba Bulgariya kukibanza co kwandikiramwo impunzi c'i Harmanli Baje guhangana n'abimukira Bagumuka.

Abimukira bashika amajana atatu barahagaritswe n’abajejwe umutekano muri Bulgariya bagirizwa gutunganya imigumuko mu kibanza bakiriwemwo.

Umushikiranganji wa mbere wa Bulgariya, Boyko Borisov yatangaje kur'uyu wa kane ahejeje kugendera ikambi barimwo ko batandatu mur’abo bimukira baboneka ko babangamiye umutekano w’igihugu.

Abategetsi ba Bulgariya batangaje ko abimukira bava ku 1500 gushika ku 2000 aribo bagize uruhara mur’iyo migumuko kumusi wa kane ku kibanza co kubakiriramwo kiri ahitwa Harmanli, hafi y’Ububibe na Turukiya.

Bulgariya gisaba ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya kunyarutsa kurondera ibindi bibanza vyo kuzimuriramwo.

Abanyagihugu ba Bulgariya biyamiriza ingingo yafashwe yo kubuza abimukira gusohoka mu kibanza c'i Harmanli

Abanyagihugu ba Bulgariya biyamiriza ingingo yafashwe yo kubuza abimukira gusohoka mu kibanza c'i Harmanli



Abo bimukira bagumuka biyamiriza ingingo bafatiwe na reta ya Bulgariya yo kubabuza gusohoka mur’ico kibanza kuko abategetsi bavuga ko bohava banduza abandi banyagihugu indwara yadutse muri bo.

Abapolisi bashika 30 hamwe n’abimukira barenga 20 barakomeretse, nkuko bishikrizwa n'itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.

Abimukira bashika ibihumbi 13,000 benshi bagizwe n’abava muri Afghanistani nibo bari muri Bulgariya, nkuko ibiharuro bitangwa n’ubutegetsi bw’ico gihugu bivyemeza.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG