Uko wahagera

Abashika 70 Barahitanwe n'Igisasu i Baghdad


Muri Iraki, abantu bashika 70 barapfuye inyuma y’aho ikamyo yar’itezwemwo ibombe yaturika kur’uyu wa kane mu bumanuko bw’umurwa mukuru Baghdad.

Benshi mur’abo bapfuye bari batashe mu mihana yabo bavuye mu gisagara ca Karbala guhimbaza umusi mukuru wiswe Arbaeen urangiza imisi 40 bari bamaze bagandarira Imam Hussein, umwuzukuru w’intumwa Muhammad.

Abategetsi ba Iraki bakeka ko umuhari wa reta ya Kiyisilamu ariwo uri’inyuma y’ico gitero. Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ryatangaje ko imiduga y’ama bus ishika indwi yari yuzuyemwo abantu ariyo yar’ihagaze kugituro co mugace ka Shomali igihe iyo bombe yaturika.

Ico gitero kibaye mugihe abasirikare ba Iraki bariko baratera intambwe kurubuga rw’intambara yo gusubira kwigarurira igisagara ca Mosul bagikuye mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko abanyagihugu bashika ibihumbi 60 bamaze guhunga Mosul kuva izo ntambara zitanguye mu kwezi kwa cumi guheze.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG