Uko wahagera

USA: Abanywanyi ba Hillary Bafise Amakenga ko Amajwi Yibwe


Umunyagihugu yar'ahejeje gutora mugisagara ca Philadelphia, muri reta ya Pennsylvania, igenekerezo rya 8 ukwezi kwa 11, 2016.

Umunyagihugu yar'ahejeje gutora mugisagara ca Philadelphia, muri reta ya Pennsylvania, igenekerezo rya 8 ukwezi kwa 11, 2016.

Abanyanwi bashigikiye Hillary Clinton aheruka gutsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika barabandanya basaba ko ibiharuro vyavuye mu matora vyosubirwamwo guharurwa mu mareta atatu ahambaye mu bijanye n’amajwi.

Ni mugihe ibiharuro gushik’ubu vyerekana ko Hillary Clinton yarushije Donald Trump amajwi arenga imiliyoni zibiri mu majwi yaronse ahawe n’abanyagihugu.

Mundwi irangiye, uwari arongoye ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Hillary, John Podesta yatangaje ko har’abashingwamanza hamwe n’abahinga muvya tekinolojiya bamusavye ko hosubirwamwo guharura amajwi mu mareta ya Wisconsin, Pennsylvania na Michigan.

Abo bahinga bemeza ko imashini zikoresha ubuhinga bwa tekinolojiya zakoreshejwe mu gutora mur’ayo marete zoba zarahinyitswe, nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru magazine New York.

Mu Kibanza co gutoreramwo mugisagara ca Saukville, muri reta ya Wisconsin.

Mu Kibanza co gutoreramwo mugisagara ca Saukville, muri reta ya Wisconsin.


Batangaza ko muntara zimwe zo mur’ayo mareta hakoreshejwe izo, Hillary Clinton yasubiye inyuma ku majwi indwi mugihe ahakoreshejwe uburyo bwo gutora hakoreshejwe impapuro atar’uko vyagenze.

Ariko n’aho bir’uko abo bahinga ntavyemezo baratanga vy’ivyo bashikirije, ariko bakabandanya basaba ko hosubirwamwo neza iharurwa ry’amajwi.

Gushik’ubu abatunganije ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Hillary Clinton, ntibaratangaza ubwabo ko bahakanye ibiharuro vyavuye mur’ayo mareta atatu, ariko Hillary ubwiwe n’abanywanyi biwe bamye biyamiriza imvugo ya Trump yahoze ashikiriza avuga ko yibaza ko bariko bategura kumwiba amajwi.

President Barack Obama nawe nyene yaramwiyamirije mubihe vyo kwiyamamaza mukuvuga ko ata matora ashobora kwibwa muri Amerika.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG