Uko wahagera

Abasirikare 8 Ba Misiri Bahitanwe n'Igisasu


Abasirikare umunani ba Misiri bishwe n’igisasu catezwe mu modoka ku kibanza gisuzumirwamwo imiduga kiri mu buraruko bw’intara ya Sinayi kur’uyu wa kane.

Abategetsi ba Misiri bashikiriza ko abasirikare bashika 12 bakomeretse kandi ko batatu mur’abo bateze ico gisasu nabo bahasize ubuzima.

Umuvugizi w’igisirikare ca Misiri yatangaje k’urubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa Facebook ko abandi bihevyi baturikije ikindi gisasu mu yindi modoka mu kindi gisagara ca el-Arish.

Nta muhari gushik’ubu uriyitirira ivyo bitero.

Igisirikare ca Misiri catanguye gutana mu mitwe n’intagondwa z’Abayisilamu mu ntara ya Sinayi kuv’aho ico gisirikare nyene gikuriye ku butegetsi Perezida Mohamed Morsi mu mwaka w’2013, inyuma y’aho abanyagihugu isinzi bihereje amabarabara biyamiriza intwaro yiwe.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG