Uko wahagera

Umusirikare w'Amerika Yapfiriye muri Siriya


Sekreteri w'Amerika ajejwe kwivuna abansi, Ash Carter arikumwe n'inteko z'Amerika.

Sekreteri w'Amerika ajejwe kwivuna abansi, Ash Carter arikumwe n'inteko z'Amerika.

Abategetsi mu gisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika batangaje ko umusirikare w’Amerika yishwe ahitanwe n’igisasu atigeze abona mu buraruko bwa Siriya kur’uyu wa kane.

Ayo makuru abandanya avuga ko iryo sanganya ryabereye hafi y’ahitwa Ayn Issa. Nta makuru y’ibimuranga nk’amazina canke ibindi yashikirijwe.

Abasirikare b’Amerika bari mu nteko mpuzamakungu zisanzwe ziri mur’ako karere ka Siriya kurwanya umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG