Uko wahagera

Uburundi Ntibuzakorana n'Abahinga ba ONU


Martin Nivyabandi, Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu

Martin Nivyabandi, Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu

Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu mu yemeza ko leta y'Uburundi itazokorana n'umugwi w'abahinga uherutse kugenwa n'inama y'agateka ka zina muntu ya ONU bo kuza gutohoza ku vyaha bikomakomeye vyakozwe kuva mu kwezi kwa kane umwaka w'i 2015.

Martin Nivyabandi asigura ko abo bahinga ata kintu na kimwe gishasha bazozana kuko baje bakurikira abandi bahinga bagize icegeranyo co kwagiriza leta ariko banka gushira muri raporo ivyo inzego z'igihugu zabahaye.

Nivyabandi asigura ko abo bahinga bari mu ntumbero n’umugambi umwe w’abahinga bandi batatu bigenga basohoye icegeranyo mu kwezi kw’icenda uyu mwaka. Bari batumwe n’igisata c’agateka ka zina muntu muri ONU.

Abo nabo muvyo bari basavye n’uko u Burundi bwokurwa mu gisata c’agateka ka zina muntu ca ONU n’abategetsi b’u Burundi bamwe bamwe bagakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I Lahaye CPI.

Kubw’umushikiranganji Nivyabandi n’aba bahinga bandi bashasha nta kintu na kimwe gishasha boba baje gukora. Yemeza ko Leta y’u Burundi iterekewe n’ibizova mu matohoza yabo.

Umushikiranganji Nivyabandi arerekana avuga ko abahinga bigenga b’igista c’agateka ka zina muntu ca ONU bahengamye mu matohoza yabo bituma leta idashobora kugirira icizere abahinga baheruka kugenwa.

Leta y’u Burundi ibona kandi ko hari ibibazo vy’agateka ka zina muntu ibisata vya ONU bititaho kandi arivyo ntandaro y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu mice yako yose.

Ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yashinze umugwi w’abantu batatu , abapfasoni babiri bo muri Benin n’Ubwongereza n’umugabo avuka muri Aljeriya.

Bafise igikorwa co gutohoza ku vyaha bikomakomeye vyakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’I 2015 n’ugushira ahabona amazina y’abakoze ayo mabi kugira bakubitwe intahe mu gahanga.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu amenyesha ko leta izokwama ikorana nabo bose bashaka guteza imbere agateka ka zina muntu nk’uko ibikorana n’indorerezi zatumwe n’ubumwe bwa Afrika n’abandi.

Ariko yibutsa ko itazigera yihanganira abashaka gukoresha ikibazo c’agateka ka kiremwa muntu mu gutera igitsure inzego n’ugukura ku butegetsi uwo batifuza.

XS
SM
MD
LG