Uko wahagera

O-T-A-N Yahagaritse Ibikorwa Vyayo vy'Ukurwanya Inkozi z'Ikibi mw'Ibahari Indien


Ikimenyetso c'ishirahamwe O-T-A-N ku cicaro gikuru caryo i Bruxelles mu Bubiligi

Ikimenyetso c'ishirahamwe O-T-A-N ku cicaro gikuru caryo i Bruxelles mu Bubiligi

Ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, ryarahagaritse ibikorwa vyaryo vya gisirikare mw’ibahari Indien, inyuma yuko ibitero vy’inkozi z’ikibi zikorerera mu mazi z’Abanyasomaliya bigabanutse.

Igisirikare kirwanira mu kirere c’igihugu ca Danemark, caragize ibikorwa vya nyuma vy’ukugenzura ibahari Indien, vy’ishirahamwe O-T-A-N.

Ibikorwa vya gisirikare vy’ishirahamwe O-T-A-N, vyarafashije mu kurwanya ibikorwa vy’inkozi z’ikibi zikorera mu mazi. Ivyo bikorwa vyarimwo kandi umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibindi bihugu vyigenga.

Nta gitero c’izo nkozi z’ikibi kiragenda neza kuva mu mwaka w’i 2012.

Indege z’ishirahamwe O-T-A-N, zahaguruka zivuye mu mazinga ya Seychelles. Zarafashije cane mu gikorwa c’ukurwanya inkozi z’ikibi zikorera mw’ibahari Indien.

Umusirikare mukuru w’inteko zirwanira mu kirere z’igihugu ca Denemark amenyesha ko zagize igikorwa ca nyuma mu mazi y’ibahari Indien, avuga kw’ishirahamwe O-T-A-N, rizosubira kubandanya ibikorwa vyaryo vy’ukurwanya inkozi z’ikibi zikorera mu mazi igihe icarico cose, haba mu karere Somaliya irimwo, canke mw’ibahari Atlantike.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG