Uko wahagera

Abanyamerika Bahimbaje umusi w'Ugushima "Thanksgiving"


Thanksgiving
Thanksgiving

Abanyamerika bahimbaje, kuruyu wa kane, umusi w’ugushima bita "Thanksgiving", nkuko basanzwe babigira mu guhura mu kiryango n’abagenzi.

Ku musi wa kane wa nyuma w'ukwezi kwa 11 buri mwaka, Abanyamerika basangira ibifungurwa, bakarorera urugendo n’inkino. Kuri benshi n’igihe c’ugutangura kugura ibintu bitandukanye vy’imisi y’uburuhuko bwo mu mpera z’umwaka. Ingingo zikomeye zerekeye umutekano zongerejwe muri iki gihe.

Mu gihe ata amakuru yemewe ahari yuko hashobora kuba ibitero, ibiro vy’igipolisi mu gisagara ca New York carungitse mu mabarabara abapolisi barenga ibihumbi bitatu mu gice ca Manhattan, habera urugendo rw’umusi mukuru wa "Thanksgiving".

Igipolisi co mu gisagara ca New York kirubahiriza kandi umutekano mu micungararo y’inyubakwa ya prezida aherutse kuva mu matora muri Amerika, Donald Trump. Iyo nyubakwa iri hafi y’ahabera urugendo rw’umusi mukuru wa "Thanksgiving".

XS
SM
MD
LG