Uko wahagera

Angela Merkel Ntanezerejwe n'Imigambi ya Donald Trump ku Masezerano ya TPP


Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel
Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel

Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yerekanye uno musi ku wa gatatu, kw’atanezerejwe n’imigambi ya prezida yavuye mu matora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, y’ukuva mu masezerano ategekanijwe y’ukworohereza ubudandaji mu karere kose ka Pasifike bita TPP, mu mpfunyapfunyo.

Mu gihe atavuze Trump mw’izina, yatangaje ko adashimishijwe nuko ayo masezerano ashobora gusenyuka. Atangaza kw’amasezerano yo muri kazoza atazoba ameze neza nk’amasezerano ye TPP.

Angela Merkel, avuga ko adashsimisha nuko ayo masezerano atazoja mu ngiro. Aribaza uwuzobikuramwo inyungu. Amenyesha kw’ico azi ar’uko hazoba ayandi masezerano yerekeye ubudandaji. Yamara kw’ayo masezerano atazoba atunganijwe neza nk’amasezerano ya TPP.

Mu butumwa kuri video, bwashikirijwe ku musi wa mbere, Donald Trump, yemeye kuva mu masezerano yerekeye kworohereza ubudandaji mu karere kose ka Pasifike, yitwa TPP, mu kuvuga ko ayo masezerano ari mabi cane.

Trump yubahirije umwe mu mihango ikomeye yiwe yatanze igihe yariko ariyamamaza.

Donald Trump, yatangaje kandi ko ashaka gusubira kuganira amasezerano yorohereza ubudandaji mu karere ko muri Amerika yo mu buraruko, mu mpfunyapfunyo, NAFTA.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yari yashigikiye cane amasezerano ya TPP. Yavuze, muri kahise, ko azobera akarorero amasezerano yerekeye ububandanji yo mu kinjana ca mirongo ibiri na rimwe.

XS
SM
MD
LG