Uko wahagera

USA: Nikki Haley Yagenywe Kuba Ambasaderi muri ONU


Bulamatari wa Reta ya Carolina yo mu bumanuko, Nikki Haley
Bulamatari wa Reta ya Carolina yo mu bumanuko, Nikki Haley

Bulamatari wa Reta ya Calorina yo mu bumanuko Nikki Haley, yagenywe, ku musi wa gatatu, na prezida aharutse gutorwa, Donald Trump, guserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

Nikki Haley, afise imyaka mirongo ine n’ine, avuka ku bavyeyi b’abimukira b’Abahindi, ariko ayobora intara ya Calorina yo mu bumanuko mu kiringo kigira kabiri. Ntiyigeze akora mu vyerekeye imigenderanire n’amakungu. Azoba abaye umutegetsi azoba agenywe ubwa mbere muri Reta yiwe atari umuzungu.

Nikki Haley, ntiyashigikiye, Donald Trump mu kiringo ciwe c’ukwiyamamaza.

Yashigikiye mu ntango Senatari wa Reta ya Florida, Marco Rubio. Igihe Rubio yava mw’ihiganwa, yaciye ashigikira Senateri wa Reta ya Texas, Ted Cruz.

Gatoyi imbere y’amatora ya prezida yo kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na rimwe, Nikki Haley, yaratangaje kow'atar'ashuhiye abakandida bariko bahiganira ikibanza ca prezida, ko yamara n'imiburiburi yari gutora Donald Trump.

Yaranebaguye umugambi wa Trump w’ukuziririza Abayislamu kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Trump yavuze kw'uyo mupfasoni atar' ashigikiye ingingo zikomeye ku bimukira. Yarongeye avuga kwa abanyagihugu bo muri Carolina yo mu bumanuko bafise isoni zo kuba batwarwa n'uyo mupfasoni.

Nikki Haley yabonanye na Donald Trump, mu ndwi iheze mu gisagara ca New York, aho Trump ariko arabonana kandi yumviriza kugira atore aboja muri Reta yiwe.

XS
SM
MD
LG