Uko wahagera

Turukiya: Abakozi Barenga Ibihumbi 15 Bakuwe mu Mirimo


Ubutegetsi bwa Turukiya bwirukanye kur’uyu wa kabiri abakozi barenga ibihumbi cumi na bitanu, barimwo abapolisi hamwe n’abasirikare bagirizwa kugira uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa ndwi uyu mwaka.

Gushik’ubu abantu barenga ibihumbi ijana bagizwe n’abasirikare, abapolisi, abakora mu butungane no mu gisata c’indero baramaze guhagarikwa, abandi bakurwa mu mirimo bagirizwa ico caha.

Mw’itegeko ryasohowe kur’uyu wa kabiri, abakozi 7,586 bakora mu gipolisi barimwo n’abakuru babo bakuwe mu mirimo.

Abandi barenga ibihumbi barakuwe mu bushikiranganji no mu bisata vya reta, bagizwe n’abategetsi 3,000 bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’ibisata bibukomokako.

XS
SM
MD
LG