Uko wahagera

Edouard Nduwimana Yatowe Kuba Umuhuza w'Abarundi


Edouard Nduwimana, umuhuza musha w'Abarundi

Edouard Nduwimana, umuhuza musha w'Abarundi

Inama nshingamateka y’Uburundi yatoye yongera iremeza kur’uno wa mbere Edouard NDUWIMANA kuba umuhuza w’Abarundi, asubiriye uwahora mur’ico kibanza Mohamed RUKARA.

Ni mu gihe uwo yahora mur’ico kibanza ikiringo ciwe kizorangira kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2016.

Hakurikiye gusubiriza uwari ahejeje gutorwa mu kibanza c’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka. Umushingamateka w’umukenyezi yatowe mu ntara ya Ruyigi mu mugambwe CNDD-FDD, Jockie Chantal NKURUNZIZA niwe yatowe ku majwi 111 kw’116 bari bitavye ibikorwa, aca aremezwa n’inama nshingamateka ko agiye kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka.

Ahejeje gutorwa yagaragaje umunezero aho yavuze ko uburongozi butangwa n'imana. Umushingamateka Edouard NDUWIMANA bitegekanijwe ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 ukwezi kwa 11 azorahira imbere y’inzego nkuru z’igihugu n’umukuru w’igihugu arimwo, imbere y’uko yinjira mu mabanga nyezina.

Inkuru twateguriwe kandi dushikirzwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi Evariste NZIKOBANYANKA.

Erekana ibyavuzweho

XS
SM
MD
LG